mercredi, décembre 13, 2017

Cibitoke : Ingendo za Agathon RWASA zasibijwe

Catégorie : NEWS

Urugendo Agathon Rwasa, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yari yateguye mu ntara ya Cibitoke rwasibijwe n’ubuyobozi bw’iyo ntara. Impamvu y’ugusivya urwo rugendo ntiramenyeshwa.

Urwo rugendo ruri mu rukurikirane rw’ingendo abashingamateka bakora mu gihe bari mu karuhuko, rwategerezwa kubera muri komine za Murwi, Buganda, hamwe Rugombo z’intara ya Cibitoke ruka rwasibijwe, Agathon Rwasa nawe akaba atabwiwe impamvu.

Buramatari w’intara ya Cibitoke ari nawe yarusubije akaba ataco arabivugako.